Kuri uyu wa 17 Ndamukiza 2017, umutama Antime Baranshakaje, umunyagisaka, yaraherekejwe ubwanyuma. Uwo mutama ashengeye amaze imyaka 82, yavutse mu mwaka w’ 1935 mu Gishora, aho n’ubu hari ingoma Ruciteme na Murimirwa.
Mu 2012, igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 50 bumaze bwikukiye, uwo mutama yashizwe ku rutonde rw’abantu bakoreye igihugu bigashimwa bagizwe n’abasirikare hamwe n’abaserukiye Uburundi mu makungu. Mu buzima bwiwe bwose, yagumye yitanga atiziganya ngo umurisho w’uburundi umenyekane mu Burundi ndetse no mu makungu. Ubwo bwira budasanzwe bwaranze uwo muhumure bwashikanye umurisho w’ingoma ku rutonde rwitabwaho n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero, ubumenyi n’imicokama. Umwanditsi Rivardo Niyonizigiye yamwipfurije kuruhuka neza abicishije mu cese gikurikira.
Nivyo uragiye
Twaraye tuguherekeje
N’iteka ryinshi ribereye umwubahwa nkawe
Umuhumure asazanye umutima, iteka n’ijambo…
Ntakubesha udusigaranye irungu
Kuko umuvyeyi adashira uburyohe
Ntibirankundira kubitahura
Ko ntagisubira kukubonana wa murisho
Umwe wagukundira kuko wawukunze
Ukakwubahiriza kuko wawubashe
Umwe watarika ngo uduteramishe
Amashi agashwara amashinga yose
Nawe ukikiriza utibabarira
Wivuna wivunagura uvuna isambwe
N’akaneza kenshi kamye kakuranga.
Aho mboneye irya mishunguke
Ingimbi n’ibikwerere vyakubise amayira akazima
Abo bose bahujwe n’ukugusezera
Ubu novuga nti uruhuke neza
Ugende ufashe Imana kurema.
Ni wigire usize iteka mu cakwibarutse
Kubera wagumije ibanga warazwe
Ukanka guhemukira uwakuremye
N’uwakwibarutse ukitwa umurundi.
Humura warazize ubugunge n’inda ndende
Rya ragi uritanga utitangiriye itama
Ehe raba ibitazi bitamba umurisho
Izuba ryaka abansi bakajingitwa
Nabo abakunzi bakaduhunda impundu.
Ubu amashinga yose aratuyaga
Aho turenguka baduha inzira
Kuko waduhaye izina ryiza rya nyakuzigamwa
Udusigiye iragi ribereye abaragwa bo Burundi bw’ejo
We karorero k’abavyeyi ntadohoka kw’I banga
Nyamuhora kw’ijambo ,
Gaba ry’abatoni rigororoka kw’ijambo
Ry’abahuzakiyago
We nterekwa y’ivyuma vyuzuye ubuhizi
Bumwe bwamye buhuza abanaburundi
Camwa cama amahoro n’amahonda
Kikamurwa akaranga keza, imico n’imigenzo
Ryakaka ry’ikirimba rizama ritumurikira.
Iyakuduhaye ari nayo ikwiyegereje
Niyihute kudutorera umutoni atorane
wa mutima wakuyagira,
Ijoro rigiye imbere y’uko umutwenzi utambika
Waguhamagaye mu kavaziko witab mu gicugu
Uca ukoroka ijoro uj kurangura ivyo wabwiwe
None ehe ushengeye utwambitse izidukwiye
Ehe utuvyagije mu cubahiro.
Niko wari intasubirizwa intashumbushwa
Ariko intore nkawe ntiyigera isaza
Yisiga mu basigaye iyo batagotse
Ngo badohoke ku ryo barazwe
Intore zinyumva ntiziyumye ziyumvitanya
Uwumva yogera ikirenge mu c’Uwo mutama
Agafata inzira yafashe iyo ntibagirwa
Ntatinye kubigira kuko Imana izuhira.
Abatama ntibatinye kumufatirako akarorero
Mu kutubwira uwuhuma n’uwudahuma
Batubwire itenga ritera iteka n’iritesha ijambo
Kuko nibo batwitangiye imbere
Urwaruka ruzobumvira bukurikize iragi ruhawe.
Mutama w’iteka,
Isemo usize ntawutayibona kandi si ugupfa gusemagura
Ariko abategetsi bitegereje iyo batera ibidodo
Abakenyezi bagakenyera zikaguma
Urwaruka rugafatana mu nda
Nawe umunyagihugu wese agahumbira ibibereye
Ndazi ntitwoteba kuyitoza.
Reka nce make se Mutama w’iteka watewe utekereje
Ngusabire uruhuke utekane ku kigabiro wagabiwe
Imyaka wamaze utatumaramaje
Ibere umugisha abagiye gukurikiza iragi udusigiye.
Iruhukire!