Inzimano

Home » Amayagwa » Iruhukire Mutama, iragi udusigiye tuzorigumye!

Iruhukire Mutama, iragi udusigiye tuzorigumye!

Kuri uyu wa 17 Ndamukiza 2017, umutama Antime Baranshakaje, umunyagisaka, yaraherekejwe ubwanyuma. Uwo mutama ashengeye amaze imyaka 82, yavutse mu mwaka w’ 1935 mu Gishora, aho n’ubu hari ingoma Ruciteme na Murimirwa.  

Mu 2012, igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 50 bumaze bwikukiye, uwo mutama yashizwe ku rutonde rw’abantu bakoreye igihugu bigashimwa bagizwe n’abasirikare hamwe n’abaserukiye Uburundi mu makungu. Mu buzima bwiwe bwose, yagumye yitanga atiziganya ngo umurisho w’uburundi umenyekane mu Burundi ndetse no mu makungu. Ubwo bwira budasanzwe bwaranze uwo muhumure  bwashikanye umurisho w’ingoma ku rutonde rwitabwaho n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero, ubumenyi n’imicokama. Umwanditsi Rivardo Niyonizigiye yamwipfurije kuruhuka neza abicishije mu cese gikurikira.

 

Iruhukire mutama

Ishusho: africatime

Nivyo uragiye

Twaraye tuguherekeje

N’iteka ryinshi ribereye umwubahwa nkawe

Umuhumure asazanye umutima, iteka n’ijambo…

Ntakubesha udusigaranye  irungu

Kuko umuvyeyi  adashira uburyohe

Ntibirankundira kubitahura

Ko ntagisubira kukubonana wa murisho

Umwe wagukundira kuko wawukunze

Ukakwubahiriza kuko wawubashe

Umwe watarika ngo uduteramishe

Amashi agashwara amashinga yose

Nawe ukikiriza utibabarira

Wivuna wivunagura uvuna isambwe

N’akaneza kenshi kamye kakuranga.

Aho mboneye irya mishunguke

Ingimbi n’ibikwerere vyakubise amayira akazima

Abo bose bahujwe n’ukugusezera

Ubu novuga nti uruhuke neza

Ugende ufashe Imana kurema.

 

Ni wigire usize iteka mu cakwibarutse

Kubera wagumije ibanga warazwe

Ukanka guhemukira uwakuremye

N’uwakwibarutse ukitwa umurundi.

Humura warazize ubugunge n’inda ndende

Rya ragi uritanga utitangiriye itama

Ehe raba ibitazi bitamba umurisho

Izuba ryaka abansi bakajingitwa

Nabo abakunzi bakaduhunda impundu.

Ubu amashinga yose aratuyaga

Aho turenguka baduha inzira

Kuko waduhaye izina ryiza rya nyakuzigamwa

 

Udusigiye iragi ribereye abaragwa bo Burundi bw’ejo

We karorero k’abavyeyi ntadohoka kw’I banga

Nyamuhora kw’ijambo ,

Gaba ry’abatoni rigororoka kw’ijambo

Ry’abahuzakiyago

We nterekwa y’ivyuma vyuzuye ubuhizi

Bumwe bwamye buhuza abanaburundi

Camwa cama amahoro n’amahonda

Kikamurwa  akaranga keza, imico n’imigenzo

Ryakaka ry’ikirimba rizama ritumurikira.

 

Iyakuduhaye ari nayo ikwiyegereje

Niyihute kudutorera umutoni atorane

wa mutima wakuyagira,

Ijoro rigiye imbere y’uko umutwenzi utambika

Waguhamagaye mu kavaziko  witab mu gicugu

Uca ukoroka ijoro uj kurangura ivyo wabwiwe

None ehe ushengeye utwambitse izidukwiye

Ehe utuvyagije mu cubahiro.

Niko wari intasubirizwa intashumbushwa

Ariko intore nkawe ntiyigera isaza

Yisiga mu basigaye iyo batagotse

Ngo badohoke ku ryo barazwe

 

Intore zinyumva ntiziyumye ziyumvitanya

Uwumva yogera ikirenge mu c’Uwo mutama

Agafata inzira yafashe iyo ntibagirwa

Ntatinye  kubigira  kuko Imana izuhira.

Abatama ntibatinye kumufatirako akarorero

Mu kutubwira uwuhuma n’uwudahuma

Batubwire itenga ritera iteka n’iritesha ijambo

Kuko nibo batwitangiye imbere

Urwaruka ruzobumvira bukurikize iragi ruhawe.

 

Mutama w’iteka,

Isemo usize ntawutayibona kandi si ugupfa gusemagura

Ariko abategetsi bitegereje iyo batera ibidodo

Abakenyezi bagakenyera zikaguma

Urwaruka rugafatana mu nda

Nawe umunyagihugu wese agahumbira ibibereye

Ndazi ntitwoteba kuyitoza.

Reka nce make se Mutama w’iteka watewe utekereje

Ngusabire uruhuke utekane ku kigabiro wagabiwe

Imyaka wamaze utatumaramaje

Ibere umugisha abagiye gukurikiza iragi udusigiye.

Iruhukire!


Leave a comment

Cannot load blog information at this time.