Inzimano

Home » Amayagwa » Umugani w’umutwa yahimvye nabi

Umugani w’umutwa yahimvye nabi

Barayamaze bati uwuramvye arabona kandi ngo agahimbo ni kabi. Umutwa yabonye arahaze aca yibwira ko birangiye atagikeneye ibigega, ibitiba n’impange zishinguye ivyimburwa abiha urubeya.  Yahimvye nabi ariko nawe birahava bimugerayo nk’uko tuvyumva muri uyu mugani.

africa-1609993_960_720

ishusho: pixabay.com

Habaye umutwa akagira umugore n’abana indiri. Kandi umupfasoni wiwe yari yibungenze. Ubiravye mbere ukuntu yari ananiwe, yoba yari atwaye amahasa. Uwo muryango wari  ubeshejweho no kurima kuko aho bari bagerereye ata bumba ryariho ngo babumbe inkono nk’abandi batwa. Musanzwe muzi ko abatwa benshi ariwo mwuga bakora kuva kera.

Kworora vyari vayarabaciye  inyuma.  Bari baragerageje kwiyamvya ngo batunge inka birababana urwêma. Impene biba uko. Intama biba uko, Inkwavu zo zapfa bataranazishikana mu kirutu. Inkoko zo ntiyari kwiyamvya ubuca ntibwari kumukundira ko atunga n’ibaba na rimwe. Ababanyi ntibasiba kumuha ayera ngo aragowe nta n’imbeba atunze kuko atacura n’igihori.

Ariko rero, Imana yari yaramuhezagiye imuha amaboko meza. Yararima akimbura. N’aho yari yaragwijije abana barya ibiteye itongo, ntibabimara. Inzara yarabaza. Abandi batwa bama batonze kwa wa mugabo baje gusega canke basaba igikebere. Hari n’abahutu, eka mbere n’abatutsi yama asabisha.

Ntibitevye, umwaka umwe isibe riratera vyose birayoka. Abantu bose bagwa mu bukene budasanzwe na wa mutwa adasigaye inyuma. Ico gihe, kugire umuryango ushobore gukora ku munwa, yari intambara.

Umutwa rero wewe yari yarimbuye ibitari bike bimwe mu bigega, ibindi mu bitiba ibindi ku rusika. Hari n’ivyo yari yarahomeye mu nzavya. Aho isibe ritereye rero uwo mutwa ntiyigeze agira ingorane zo kubaho kuko yari afise vyinshi.

Amezi n’amezi abantu bahwera na kigoyi; umutwa n’ab’iwe nabo bari mu gahimbo katagira izina. Umutwa ntiyasiba kwirata kubo bahuye bose avuga ko ari agahambaye.

Umunsi uri izina aja kuraba umuntu yigeze kumusabisha nawe akiri umusore yari ku mutumba ugira gatatu uvuye aho uwo mutwa yaba. Aho yaca hose yagenda arabona imihindigiti y’abantu bayamitswe na kigoyi akenyo akararika. We yabona ngo abo bariko barishura ibicumuro bakoze. Ashitse kwa wa mugabo amusanga yigonye mu ntaba za ruguru abana bamwizinze iruhande. Arashika araramutsa baramwakira.

“Uri aho ga wangabiye!”, wa mutwa araramutsa.

“Uri aho ga wangamburukiye!”, uri uwundi aramwishura.

N’agahemo kenshi gacanze agatsengeneke, umutwa aratwenga wa mugabo ariko biherera mu ntamatama. Inyundo irakura ntisumvya iyayujuje. Iteka ryari rikiri kuri wa mugabo. Atari ukumugirira ikigongwe umutwa ntiyari kwubahuka ngo amucire inyeri nk’uko abigirira abandi.

Baraganira baranavuga ku kiza camaze abantu. Aho umutwa we yacira agati mu ryinyo yibwira ngo bizohora ukwo.

Yasubiye inyuma yagaye nk’igikere umengo asumba isi n’ijuru bikoranye. Yagenda aradembwa ahana n’imbwa imihindigito yasanga yiyanikiye ku zuba kubera kigoyi.

Ntibukeye kabiri, umutwa abona abana biwe n’umugore bagenda barahibagira abandi babanyi bagenda ku ruti rw’umugongo. Wawundi ati itunga rirasaza. Bugorovye, umutwakazi yahakuye icibo cuzuye umutsima w’uburo azana ikindi barakoza, bararya barahimba; baradurarara.  Umutwa utanka, inyuma yo gushika ku buriri aho aryama bimugoye, yategetse umutwakazi ko yoturira ca kigega n’ibitiba ngo ntavyuke abisangaho kuko yahaze ntavyo agikeneye. Umutwakazi kuko yari azi ko yinjiranye inkazi aca aramwumvira arabikonga vyose ariko yabanje kubidaha akonga ibisasa gusa.  Aca arara arabijana iwabo afashijwe n’abana bose.

Bukeye umugabo aravyuka, yanda yahotse yumva itanguye kumuharamba. Ahamagara umugore wiwe  ngo amucumbire ubwo yizinduza aramubura, umwana mukuru arabura, uwukurikira biba uko nyene.  Umutwa aca asigara yigonye aho nyene atagira n’ico ashira ku munwa vyose babitwaye ; umugore n’abana nabo baca bibera kwa sekuru bafise ivyo barya.

Haheze iminsi wa mutwa, kubera atari yaramenyereye gutubika umukanda, aca atangura kugwara umugatu, ikigoyi gica kiramugatura. Haheze iminsi ibiri abwanuye, imvura yari yataze ica iragwa, amatongo asubira kumera aratotahara.

 


Leave a comment

Cannot load blog information at this time.